Mukiganiro c'Ingo n'Imiryango caremeshejwe na Pasteur Marc KAGISYE n'Umufasha wiwe mumpera z'umwaka 2019 muri Leta zunze ubumwe z'Amerika mugisagara ca Portland muri Etat ya Maine,uyo muryango warashingiye intahe abaraho ko mu minsi yambere bakigira ubugeni bitari vyoroshe nagato.Banatugira inama y'ibintu 7 twokora kugira ingo zacu ziryohe kandi zikomere. Pasteur Marc KAGISYE arongoye ishengero LIFE CENTER rifise icicaro mu BURUNDI.
Imiryango tuvukiramwo,imico n'imyerere yaho dukurira,akahise k'ivyo twabayemwo bigira ingaruka zahafi y'ubuzima tubamwo mungo twubaka.LIANY MEDIA Tv kimwe mubiyiraje ishinga nugusangiza abandi intahe n'inyigisho zituma tugira ingo turyoherewe kandi zikomeye.
Wifuza gushinga intahe canke kudusangiza inyigisho zifasha kubaka umuryango, urahawe ikaze.Twandikire kuri lianymedia@gmail.com.
Murakoze Imana ibahezagire.